10/09/2026
🇧🇮🇧🇮🇧🇮🇧🇮🇧🇮🇧🇮🇧🇮🇧🇮🇧🇮🇧🇮🇧🇮🇧🇮🇧🇮🇧🇮🇧🇮🇧🇮
Mu rugendo rw'akazi arimwo mu gihugu ca 👉Kenya, Umunyamabanga Mukuru w'Umugambwe 👉CNDD-FDD, 🙏Nyeniteka Reveriyano NDIKURIYO, yakiriwe ku wa 9 Nyakanga 2026 na mugenziwe, Umunyamabanga Mukuru w'Umugambwe 👉UDA uri ku butegetsi muri ico gihugu ca Kenya, Umukenguzamateka 🙏Hassan Omar Hassan, ku cicaro c'uwo mugambwe kiri mu nyubakwa Husler Plaza i Nairobi. Mu vyo baganiriye, bagarutse ahanini ku gutsimbataza imigenderanire yari isanzwe iri myiza hagati y'Uburundi na Kenya. Iyo migambwe 👉CNDD-FDD na UDA yaboneyeho akaryo ko gusubira kwiyemeza kunagura no gutsimbataza imigenderanire myiza yayo hamwe no gukomeza ibisata vy'iterambere bishirwa imbere n'iyo migambwe. Mwomenya ko Uburundi na Kenya bisanzwe bifitaniye imigenderanire ya kivukanyi, kandi abo bubahwa bompi bakaba bigiriye inama yo kubandanya batsimbataza ugufashanya mu guteza imbere imigambwe barongoye no kubandanya bakomeza ibisata vy'ubudandaji n'ishingwa ry'imitahe. Gukomeza uruja n'uruza rw'abantu n'ibintu bikaba biri mu biranga umuryango w'ibihugu vy'Afrika y'ubuseruko.
Muri urwo rugendo, Nyeniteka Umunyamabanga Mukuru wa👉 CNDD-FDD yagendeye icicaro c'Ubuserukizi bukuru bw'Uburundi mu gihugu ca Kenya kiri aho nyene ku murwa mukuru Nairobi kwirabira ingene impampuro z'inzira ziriko zirasabwa n'Abarundi baba aho muri Kenya, bipfuza kwitahira mu gihugu c'amavukiro ziriko ziratangwa. Nyeniteka Reveriyano Ndikuriyo yaciye asaba ko hafatwa ingingo yihuta yo kwongereza abakozi bofasha mu gutunganiriza abo bipfuza gutaha ku buryo n'imiburiburi Abarundi bagera ku 5000 baronswa impapuro z'inzira ku musi.