22/06/2022
🚨😅Uburyo umukinyi Moise Kean yashoboye kubesha umuvyeyi wiwe kugira ash*tse inzozi ziwe zo gukina umupira w'amaguru 🤩 :
💬Moise agir'ati :" Mama wanje yipfuzako nja kw'ishure,ivyo nsinigeze ndabikunda kuko jewe n'ishure ntitwigeze tuba incuti nziza kurino si.
mukiringo c'umwaka,mama wanje yibazako nagiye kw'ishure ariko muvyukuri nsinigeze nja kw'ishure.
Mur'ico kiringo c'umwaka mama wanje yarongeye arampamagara ndaheza mubwira :"Ego,ego ntuhangayike ivyigwa ndabirembeje."😂
Nyuma y'aho nahise ntangura inkino zanje z'ambere nkubunyamwuga,mama wanje niko kumbona kumbonesha kure ariko ntiyigeze avyizera.
Nyuma y'urukino naramuhamagaye mubwira nti : 'Maman, uno mwaka wose nsinigeze nja kw'ishure ariko inkuru nziza ngufitiye n'uko wohagarika gukora ukaza tukabana hano i Turin'." ❤️
🤣Ubwo ntihari abandi babigenje nkuyu?