24/05/2024
⚽️⭕️Endrick 🗣:" Ukuza kwa Mbappe kurambangamiye ? Oya mugihe musangiye intumbero ntamukinyi abangamira uyundi, umugwi ukomeye kw'isi uba ukeneye umukinyi mwiza kuri buri ruhande".
"Kuba iruhande y'abakinyi bakomeye bigutera intege zo kugwanira ikibanza, ivyo bizotuma ntera imbere ngere kurwego rwiza, intego yacu uzoba ari kugwanira ibikombe".
"Indoto yanje n'ugutahukana Champions league ndikumwe na Real Madrid, iyo uri muri Real Madrid wamana ishaka ryo kugwanira kino gikombe kandi biroroha"
Mfatiye kuraya majambo uyu mwana Endrick 17 yashikirije muguha ikaze Kyalian Mbappé muri Real Madrid, biciye binyereka ko harivyo Real Madrid yigisha abakinyi bayo imbere yuko batangura kuwukinamwo.
Uyu mwana azotangura gukinira Real Madrid itariki 31 Mukakoro, azoba arumwe mubagize ubusatirizi bwa Real Madrid sezo iza.
Yabibwiye ikinyamakuru AS.