SatSport.bi

SatSport.bi Contact information, map and directions, contact form, opening hours, services, ratings, photos, videos and announcements from SatSport.bi, Sport & recreation, Rohero.

🟡 Panthere Noir mu nkino z'icicaro ca mbere Primus Ligue Burundi.Stade Intwari yakiriye kuri uno wa 31 Rusama 2026 uruki...
31/05/2026

🟡 Panthere Noir mu nkino z'icicaro ca mbere Primus Ligue Burundi.

Stade Intwari yakiriye kuri uno wa 31 Rusama 2026 urukino rwo gusubiriza rwahuje Amasipiri Never Give Up na Panthère Noir,
Panthère Noir niyo yatsinze urukino rwa mbere rwabereye i Makamba ku ntinzi ya 1 ku 0.

Panthere yongeye kwerekana ubukomezi bwayo aho yatsinze Amasipiri Never Give Up ibitsindo 4 ku busa,kubera izo ntsinzi zibiri Panthère Noir iba irose uburenganzira bwo guherekeza Musongati Academy na Academy Deira muri Primus Ligue Burundi.

Tubibutse ko iyo migwi tubabwiye aho hejuru ije gusubirira BG Green,DS Dynamik na Garage Express zakorokeye mu cicaro ca kabiri.

 Uburundi ntibushoboye kubandanya mu gice gikurikira.Muri za nkino zo kurondera uburenganzira bwo kwitabira inkino z'igi...
30/05/2026



Uburundi ntibushoboye kubandanya mu gice gikurikira.

Muri za nkino zo kurondera uburenganzira bwo kwitabira inkino z'igikombe c'isi c'abigeme batarenza imyaka 17,mu rukino rwo gusubiriza rwabereye i Bujumbura ku kibuga kuri uno wa 30 Rusama 2026, Abarundikazi basezerewe na Ethiopia batsinzwe ibitsindo 2 kuri 1 mu gihe n'urukino rwa mbere rwagenze uko nyene.

Dancile Iranzi niwe yatsinze igitsindo c'Uburundi ku munota wa 5 mu gihe Mihiret Ayere Abebe na Lydia Eyasu Sorsa ari bo batsindiye Ethiopia ku minota ya 53 na 72.

📷 Nil Sport Tv

Bavugamenshi Pierre✍️
SatSport.bi
FFB

 Lydia Eyasu Sorsa ahejeje gutsinda igitsindo ca kabiri ca Ethiopia ku munota wa 72.BurundiU17 1-2 EthiopieU17📷 Nil Spor...
30/05/2026



Lydia Eyasu Sorsa ahejeje gutsinda igitsindo ca kabiri ca Ethiopia ku munota wa 72.

BurundiU17 1-2 EthiopieU17

📷 Nil Sport

Bavugamenshi Pierre✍️
SatSport.bi
FFB

 Mihiret Ayere Abebe ahejeje gutsinda igitsindo ca mbere ca Ethiopia ku munota wa 53'📷 Nil SportBavugamenshi Pierre✍️Sat...
30/05/2026



Mihiret Ayere Abebe ahejeje gutsinda igitsindo ca mbere ca Ethiopia ku munota wa 53'

📷 Nil Sport

Bavugamenshi Pierre✍️
SatSport.bi
FFB

 Igice ca mbere giheje kurangira ku kibuga Intwari.Uburundi ni bwo buri imbere ya Ethiopie  n'igitsindo 1 ku 0,urukino r...
30/05/2026



Igice ca mbere giheje kurangira ku kibuga Intwari.

Uburundi ni bwo buri imbere ya Ethiopie n'igitsindo 1 ku 0,urukino rwa mbere rwabereye muri Ethiopie Uburundi bukaba bwari bwatsinzwe ibitsindo 2 kuri 1.

📷 Nil Sport

Bavugamenshi Pierre✍️
SatSport.bi
FFB

Dancile Iranzi ahejeje gutsinda igitsindo ca mbere c'Uburundi ku munota ugira 4.Urukino rurabandanya.📷 Nil sportBavugame...
30/05/2026

Dancile Iranzi ahejeje gutsinda igitsindo ca mbere c'Uburundi ku munota ugira 4.

Urukino rurabandanya.

📷 Nil sport

Bavugamenshi Pierre✍️
SatSport.bi

⭕ Aba ni bo barundikazi  batangura mu rukino rugira ruhuze Uburundi na Ethiopie.Bavugamenshi Pierre✍️SatSport.bi
30/05/2026

⭕ Aba ni bo barundikazi batangura mu rukino rugira ruhuze Uburundi na Ethiopie.

Bavugamenshi Pierre✍️
SatSport.bi

 : Uburundi burakina na Ethiopia mu rukino rwo gusubiriza mu nkino zo kurondera uburenganzira bwo kwitabira inkino z'igi...
30/05/2026

: Uburundi burakina na Ethiopia mu rukino rwo gusubiriza mu nkino zo kurondera uburenganzira bwo kwitabira inkino z'igikombe c'isi c'abigeme batarenza imyaka 17.

Mu rukino rwa mbere Ethiopie yatsinze Uburundi 2-1.
SatSport.bi tuza kuguma tubabwira uko urukino ruriko ruragenda.



Bavugamenshi Pierre✍️
FFB

 : Mu ntumbero yo gutera intege Intamba mu Rugamba z’abigeme bari munsi y’imyaka 17, Icegera ca mbere c’uwurongoye ishir...
29/05/2026

: Mu ntumbero yo gutera intege Intamba mu Rugamba z’abigeme bari munsi y’imyaka 17, Icegera ca mbere c’uwurongoye ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi yagendeye abo bigeme basanzwe bari mu kigo c'ubuhinga mu Ngagara.

Arcade Nimubona yabaganirije ku kamaro k’urukino rwo kuri uwu wa gatandatu ruzobahuza na Ethiopia ndetse abashikiriza ubutumwa yarungikanywe n'uwurongoye ishirahamwe ry'umupira w'amaguru mu Burundi.

Tubibutse ko urwo rukino ruri mu rugamba rwo kurondera itike y’Igikombe c’Isi c’abatarenza imyaka 17 .

Bavugamenshi Pierre✍️
SatSport.bi
FFB

 : Bavugamenshi Pierre kuva mu gisagara ca Ngozi niwe wenyene wo mu kinyamakuru SatSport.bi yahawe uburenganzira n'ishir...
29/05/2026

: Bavugamenshi Pierre kuva mu gisagara ca Ngozi niwe wenyene wo mu kinyamakuru SatSport.bi yahawe uburenganzira n'ishirahamwe ry'umupira w'amaguru mu Burundi FFB ngo aje gukurikirana ikibiriraho urukino rw'Intamba mu Rugamba z'abigeme batarenza imyaka 17 ruzohuza Uburundi na Ethiopie.

N'urukino rwo gusubiriza ruzoba kuri uwu wa 30 Rusama 2026 ku kibuga i Bujumbura, mu nkino zo kurondera uburenganzira bwo kwitabira inkino z'igikombe c'isi c'abigeme batarenza imyaka 17.

Wewe udukurikirana ni igiki ukundira uno mugabo ?

Richard Bahati ✍️

Address

Rohero

Telephone

+25779648399

Website

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when SatSport.bi posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Contact The Business

Send a message to SatSport.bi:

Share