11/03/2022
Primus Ligue: Inkino zidasanzwe ziritezwe ku ndwi ya 24
Ihiganwa ry'icicaro ca mbere mu Burundi uko ryegereza ku musozo waryo niko ribandanya kuryoha.Ino ndwi ya 24 yoyo uburyohe bukaba burenze cane kuko ku nkino 8 dusanga 5 zose zizoba zikomeye cane,nazo ni izi:
1)Rukinzo (12) vs Musongati(5),nubwo ari iya 12,Rukinzo ishobora gukora ivyo Musongati ititeze.Ni kuri uno wa gatandatu kuri Stade Intwari.
Izindi zine ni izo kuw'Imana,irabire nawe:
2.Bumamuru FC(1er) vs Vital'o (9) (Stade Urunani-Cibitoke):Bumamuru yamaze kumoterwa n'igikombe irondera amanota atatu akomeye cane yo kuyitsimbataza mu kibanza ca mbere.Vital'o ni iy'9 iripfuza cane nayone amanota atatu yoyigarukana mu bibanza vya mbere.
3.Olympic Star (10)-Athletico New Oil FC (Stade Umuco-Muyinga).Bamwe bati kuri Stade Umuco hazoba hahiye.Nivyo.Athletico new Oil FC ntakindi irondera atari ukwicara ku ntebe imwe na Bumamuru mu kurondera kuyica imbere,ariko muco bita Derby de Muyinga,simbonako Olympic Star izovyemera.Muri aller baranganije.
4.Messager Ngozi (7)-Flambeau du Centre (4).Ingwano y'abavukana.Ariko ni mu kibuga c'umupira.Bose bagwanira ico bita "Big Four",donc kuba muri ine ya mbere.Ubuheruka ab'i Ngozi babujije ab'i Gitega gukora ku gikombe,ubuho biragenda gute ko muri aller banganije 2-2?Stade Urukundo itakua mwotomwoto.
5.Kayanza United(13)-Aigle Noir(5).Nivyo Kayanza United ni iya 13,ariko imaze imisi yigenza gute?Rabira ku nkino 4 iheruka gukina,yarazitsinze zose.Irondera gusezera burundu ibibanza vyegereye umurongo utukura hanyuma wironderere ikibanza ciza.Abagwanyi nabo "The Fighters" ntibabikozwa kuko muri "Big Four" hararyoha cane.Stade Gatwaro uwutazoshika kare urukino azorurabira mu biti.
Izindi nkino zitatu zibayabaye:
-Kuwa 5:Flambeau de l'Est(14) vs Top Junior (3), (Stade Intwari)
-Kuwa 6:BS Dynamique(8) vs Royal FC (16),Stade Intwari
-Kuw'Imana:Bujumbura City(11) vs Les Crocos FC(15) (Stade Intwari)
Ubona umurwi wawe ufise amahirwe?