24/05/2025
Courage ma fille
"Kuba nirabura vyarampaye amahirwe menshi yo kuba "mannequin aha muri Irani"
"Nitwa Lyse Jennifer Irakoze. Navukiye mu gisagara ca Muyinga, nkaba navutse kuwa 29 Ntwarante mu 1996. Ndiko niga Master mu gihugu ca Iran. Ubwa mbere nari naje kuri "bourse ", nkaba ndi umunyamideri.
💃 Muti none ako kazi nagatanguye gute?
Ubwa mbere bwobwo, jewe narakunda kwifotoza no kwiyerekana kuva nkiri muto.
Mu 2020, hari ukuntu twacerwa kuronswa amafaranga y'abanyeshure baronka "bourse", aho kuza mukw'indwi, akaza nko mukw'icenda. Twarindira ko Ambassadeur w'Uburundi muri Turquie aronka umwanya, akayazana kuko ata buserukizi bw’Uburundi buri muri Irani. Nca nisanga rero ubuzima buranse, mfise amadeni hirya no hino. Nari naherewe n'ukuri. Ariko nari naramenyanye n'abagenzi muri Irani.
Umusi umwe twasohotse, baca barambaza ko bofata photo yanje; nanje nkaba narabikunda cane. Umwe muri bo, amaze kuyibona aca arakunda izo photo, mbere mu nyuma turafata n'izindi, akambwira "pose" nofata kandi ku buntu. Ama "photo" yanje amaze kuja kuri Instagram, aca arashika kure cane. Kuko ngaha muri Iran, bakoresha IG cane, ndetse n'abatama n'abatamakazi ubasanga kuri IG.
Kuva ico gihe, ntangura kuronka abantu muri Irani bansaba ko mba "mannequin". Nanje nkababwira nti jewe ntavyo nize kuko nari nzi ababikora babanza kuja kuvyiga; maze ngatinya ko nohava ndya amahera y'abantu, nkananirwa kuyariha.
Mu nyuma, ndatimba nti reka mpime dukorane n'umwe. Umunsi wa mbere, niriwe ndakorera amadorari 5 (5$) kandi natashe ndushe cane. Ariko ndavuga nti 'ku bakunda Imana, vyose bifataniriza hamwe kubazanira ivyiza' .
Ntivyatevye, imiryango itangura kuguruka ku buryo naronse abantu benshi bandondera. Hari n'abo nabwira amahera bompemba bagaca bayaduza kuko jewe ntari bwamenye ivyo ndimwo. Nca ndabigira umwuga.
Kuba ndi umwirabure ava hanze ya Irani, yabaye amahirwe adasanzwe, kuko hariho n'abirabure b'AbanyaIrani nyene. Ni ukuvuga ko ata n'umwe duhiganwa.
Intambamyi ngira ni uko ibihe vyose usohotse uba witwikiriye. Ikindi naco, nkorera mu gihugu kitugurutse, kuko gifise ibihano vyinshi mu makungu. Ubu ndaronka abantu bandondera New York, Los Angeles, Dubai n'i Buraya; mugabo kubera ndi ngaha bica bingora kuja ku rwego mpuzamakungu; ariko bizogenda neza.
Mu Burundi ntibanzi. Ubuheruka naramaze amezi 6 ndi mu Burundi. Sinshobora kuvuga ibiraka, amafaranga nahomvye. Mugabo mu Burundi mba ndi ngaho, nta wumenya. Ariko n'amahera bahemba ino, sinibaza ko Abarundi boyatanga. Ubunyamideri burateye imbere ino.
Mfise indoto yo gukorera cane ku rwego mpuzamakungu. Mu Burundi hari ingabire nyinshi cane muri "mannequinat". Nohanura abakiri bato mu Burundi babikunda kwiyerekana, bafate ama 'photos', baberwe, babigendere. Nibabishiremwo inguvu", bizoteba bitange umwimbu.