28/05/2026
🚨🔥 Iyo tuvuze agasuzuguro tuba twivugisha, nta muntu arasuzugurwa ukurenze uko Marcus Rashford asuzuguwe na Barcelona!😢
🔵 Ubwa mbere baraje bati yamara turakwipfuza, turashaka ko uguma hano burundu, ayo Manchester United ukeneye twayatanga ariko umushahara wawe wotubera ikibazo.
🔵 Rashford kubw'ugukunda Barça ntiyiyumviriye kabiri, yaciye ababwira ati ivyo ntakibazo jewe ndemera kugabanya umushahara. N'uko umushahara aba aragabanyije.
🔵 Bahavuye bagaruka bati twaravye dusanga urwego rwawe ntabirenze cane, udashizemwo agatege bizogorana ko tukugumya...
🔵 Inkino zitatu zanyuma yaciye acika igisizimwe, atanga ama assists, arinjiza, abayobozi bati urahumba turakugumana, ariko ikibazo n'ubu umushahara wawe uracari munini.
🔵 Rashford n'ubundi yemeye kwongera kugabanya umushahara 😢
🔵 Babonye ko ataho bamucikira, bahavuye bavuga ko ya mafranga Manchester United imushakako bari bavuze ko atakibazo ari menshi, ko barindiriye ko Manchester United wemera kuyagabanya,
🔵 Rashford yari yiteguye gutangira amaraso Barcelona, yari yiteguye guhatanira umwambaro wa Barça, ico yararindiriye gusa n'uko bamubwira bati twahejeje na Man Utd urigumira aha... Ariko aho kumubwira ko bamugumanye, bikomye muri Newcastle United bazana umukinyi wa milioni €80 kandi kuri Rashford Manchester United washaka milioni €30 gusa, mwiyumvire muce muheza mumbarire agasuzuguro karenze ako. 😢
FC Barcelona vy'ukuri uwu Gordon n'umukinyi mwiza, mwese mwaramubonye muri UEFA Champions League ukuntu haba k'uruhande rw'ibubamfu canke wanashaka no ku nomero 9 ahakina, biraboneka ko ari umukinyi mwiza ikinarenzeko aracari muto,
Ariko twarabonye abakinyi benshi mbere n'abamurusha bava England baza Spain bikanka, aha muribuka Philippe Coutinho, Eden Hazard n'abandi.
Marcus Rashford yari umukinyi babonye, yaratanguye kumenyera n'akarangamutima ka Barcelona, Anthony Gordon ntawomuharurira iminsi ariko Deco akorwe uwu muhungu bimuhire kuko bikaramuka vyanse ca gihugu c'abafana ba Barcelona ntazogikira.