03/03/2025
🚨🚨 Vinicius Junior yari mu kiganiro n'abamenyeshamakuru kugira ngo avuge k'urukino bazokina ejo na Atlético muri Champions League :
Inkino 300 washikanye uri muri Real Madrid, watwaye ibikombe bibiri Vya Champions League ubu uri kapiteni... Urufunguzo rw’ejo ni uruhe?
Viní Junior: 🗣️'' Ndiko ndashikirwa n'ibintu bihambaye mwuyu mwambaro ,ndiko ndatuma indoto zanje ziranguka. Twatanguye gukina neza inyuma y'urukino na Manchester City . Nizigiye ko abafana bazoba bari kumwe natwe kandi ko tuzotanga ivyo dushoboye vyose kugira ngo twerekane urukino rwiza Imbere y'abafana bacu".
Woba wumva uryohewe cane n’ubusifuzi bw’i Buraya, nka Ancelotti?
Viní Junior: 🗣️'' Ego, kuko mu Buraya, abasifuzi barwanira cane abakinyi bakina bishiramwo utugenegene . Ntidukunda kuvuga ivy'abasifuzi, ariko birahambaye kuri twebwe ko basifura neza"
Ubusabe bwo muri Arabie, nivyo canke woba wipfuza kongereza amasezerano muri Real Madrid C.F. ?
Viní Junior: 🗣️'' Ndatuje cane kuko mfise amasezerano gushika muri 2027 kandi nizigiye ko nzoshobora kuyongereza vuba kuko hano ndanezerewe. Abantu bose barankunda kandi baranshima cane. Sinshobora kuba ahantu heza kurusha hano".
Nk'abafana ba Real Madrid hari icizere wobaha kuzobandanya ngaha utitaye k'ubusabe uko bungana gose bazoguha ?
Viní Junior: 🗣️'' Ndi hano kugira mbandanye nandika amateka , ivyo president ndetse n'umugwi bampaye . Nizigiye ko nzobandanya gutsinda ibitego no gukina inikino nyinshi muri mur'uyu mwambaro . Natsindiye vyinshi ariko ndashobora kubandanya ntsinda n'ibindi vyinshi hama nkaja muri kahise k'uyu mugwi nk'abndi bakinyi baba Légendes ."
Woba wumvise ubabaye inyuma yokudatahukana umupira w’inzahabu?
Viní Junior : 🗣️'' Oya, abantu batora ivyo biyumvira. Ndafise ivyiyumviro vyanje. Sinigeze ndota ntsindira umupira w’inzahabu, iyo uri hafi, uravyemera, ariko nzoronka ayandi mahirwe. Naramaze gutsinda ibikombe bibiri Vya Champions League kandi ndi hano kugira ngo ntsinde n'ibindi vyinshi".
Ni nde yaf