03/06/2026
IBIHUGU BIMAZE GUTWARA COUPE DU MONDE INCURO NYINSHI
Coupe du Monde ni ryo rushanwa rikomeye kurusha ayandi muri football. Ni aho ibihugu vyose bikomeye bihurira, abafana bakishima, abandi bakarira, amateka na yo akandikwa ku mbuga zโisi.
Kuva Coupe du Monde itanguye mu 1930 gushika ubu, hari ibihugu bike vyashoboye kuyitwara. Ariko hari kimwe gihagaze hejuru yโibindi vyose: Brazil.
URUTONDE RWโIBIHUGU VYATWAYE COUPE DU MONDE KENSHI:
1. Brazil โ Ibikombe 5
1958, 1962, 1970, 1994, 2002
Brazil ni yo gihugu ca mbere mu mateka ya football gifise Coupe du Monde nyinshi. Ni igihugu cavyaye ibihangange nka Pelรฉ, Ronaldo, Ronaldinho, Neymar nโabandi.
2. Germany โ Ibikombe 4
1954, 1974, 1990, 2014
Ubudagi buzwi nkโigihugu gifise discipline, inguvu, organisation nโumutima wo kudacika intege.
3. Italy โ Ibikombe 4
1934, 1938, 1982, 2006
Ubutaliyano buzwi cane ku gukina defensif ikomeye, ubwenge mu kibuga, nโabakinyi bโintwari.
4. Argentina โ Ibikombe 3
1978, 1986, 2022
Argentina ni igihugu ca Maradona na Messi. Igikombe ca 2022 caranditse amateka akomeye cane muri football ya none.
5. France โ Ibikombe 2
1998, 2018
Ubufaransa bwarerekanye ko bufise impano nyinshi, abakinyi banyaruka, nโumupira wa moderne urimwo ubuhinga bwinshi.
6. Uruguay โ Ibikombe 2
1930, 1950
Uruguay ni yo yatwaye Coupe du Monde ya mbere mu 1930, kandi iguma ari igihugu gifise amateka akomeye muri football.
7. Spain โ Igikombe 1
2010
Espagne yatwaye igikombe ikoresheje umupira wโubuhinga bwinshi witwa tiki-taka, aho kugumana ballon no gukinana ubwenge vyari ku rwego rwo hejuru.
8. England โ Igikombe 1
1966
Ubwongereza, igihugu gifatwa nkโaho football ya moderne yatunganijwe, bwatwaye Coupe du Monde rimwe gusa mu 1966.
Muri make, Brazil ni yo iri imbere nโibikombe 5, ikurikirwa na Germany na Italy bifise 4 kuri buri gihugu.
Football si umukino gusa. Ni amateka, ni amarangamutima, ni ishema ryโibihugu, kandi ni ururimi isi yose yumva.
Wewe ubona igihugu kizotwara Coupe du Monde ikurikira ari ikihe?