Top Sports Colombe FM

Top Sports Colombe FM All Sports 93.2 MHZ

CM 2026: MBEGA IMIGWI IZOBANDAYA IGICE CA KABIRI C’IHIGANWA IZOTORWA GUTE ?Igice ca mbere c’ihiganwa ry’igikombe c’isi y...
24/06/2026

CM 2026: MBEGA IMIGWI IZOBANDAYA IGICE CA KABIRI C’IHIGANWA IZOTORWA GUTE ?

Igice ca mbere c’ihiganwa ry’igikombe c’isi yose "MUNDIAL 2026" kirangiye, imigwi ibiri ya mbere mw’itsinda izoba ifise uburenganzira bwo kubandanya mu gice ca kabiri c’ihiganwa, ari co gice ca cumi na gatandatu gishira icanyuma. Ku bihugu mirongo ine n’umunani (48 pays) vyatanguye ihiganwa biri mu matsinda cumi na biri, hazoba hasigaye mirongo ibiri na bine (24) gusa. Ng’uku rero uko ibihugu umunani (8 pays) bizotorwa kugira ngo bikwire mirongo itatu na bibiri (32) bizokina ico gice ca kabiri c’ihiganwa :

Mu gihe inkino zigira gatata (3ème match) arizo zanyuma z’igice ca mbere c’ihiganwa zitangura kur’uyu wa gatatu igenekerezo rya 24 ruheshi 2026, ni ukurindira gushika ku musi w’Imana igenekerezo rya 28 ruheshi 2026, kugira ngo iyo migwi umunani izoba yafashe ikibanza ca gatatu (3ème place) imenyekane.

Mu gutora iyo migwi, ubwambere bazokwisunga ikibanza ca gatatu hamwe n’amanota. Ariko, iyo migwi ishobora kurenga umunani ikenewe. Mur’ico gihe, bazoca bisunga ubusumbasumbane bw’ibitsindo. Imigwi igumye inganya ari myinshi, hisungwa ibitsindo umugwi winjije. Hamwe iyo migwi yuguma inganya, bazokwinsunga amanota ya "FAIR-PLAY", bafatiye ku gitigiri c’ama cartons (jaunes na rouges) yahawe abakinyi canke abamenyereza mu gice ca mbere c’ihiganwa.

Ariko rero n’ubwo biri uko, hariho ibihugu nka Tunisie (Afrika), Haïti, Jordanie, Panama na Turquie vyamaze gusezererwa bitaranakina urukino rwovyo rwa gatatu. Impavu s’iyindi, n’uko hisunzwe ingingo zo guhitamwo ya migwi umunani myiza, nk’igihugu ca Haïti catsinzwe na Brésil (3-0) kigatsindwa kandi na Ecosse (1-0), hanyuma kikaba atanota gifise (0 point), n’ubwo ku gihamana cotsinda Maroc coca kironka amanota atatu, mu gihe Maroc co kimwe na Brésil vyamaze gukwiza amanota ane ane (4 points) mu nkino zibiri.

Mu gihe naho Ecosse cotsindwa na Brésil hanyuma Haïti igatsinda Maroc, ivyo bihugu bibiri vyoba bironse amanota atatu. Gusa, mugihe habayeho kuganya kw’ibihugu mu matsinda, urukino rwabibihuje "confrontations directes" nirwo ruca urubanza. Uko vyogenda kwose rero, Haïti yisanga mu kibanza ca kane (4e place); ico na co gituma umugwi uca utekera ibirago ubutarariye.
FP

ISABUKURU NZIZA (39) K’UMWAMI W’IBITSINDO (18) MU NKINO Z’IGIKOMBE C’ISILionel Messi, Umwami w’ibitsindo asanzwe kandi a...
23/06/2026

ISABUKURU NZIZA (39) K’UMWAMI W’IBITSINDO (18) MU NKINO Z’IGIKOMBE C’ISI

Lionel Messi, Umwami w’ibitsindo asanzwe kandi amaze gutsindira "ballon d’Or" incuro umunani yaraye agaragaje ko ari umukinyi adasanzwe, kandi afise ico asumvya abandi. Kuva aho akiniye urukino rwiwe rwa mbere rwahuje igihugu ciwe Argentine n’igihugu ca Algérie (3-0) mu nkino z’igice ca mbere z’igikombe c’isi "Mundial 2026" ni we yinjije ibitsindo vyose bitatu. Mu rukino rugira kabiri rwaraye ruhuje Argentine na Autriche (2-0) ni we nyene yinjije vyose bibiri, gutyo aba akwije ibitsindo cumi n’umunani (18 buts) aba akubise hasi record y’ibitsindo vynshi (16) yari isanzwe ifiswe na Miroslov Klose (Allemagne) kuva muri "Mundial 2014", igihe Allemagne yanyagira Brésil.

Yamara rero, ivya Football ni akayobera bahinga, kuko mur’urwo rukino rwamuhaye gukubita hasi iyo record ya Klose, Leo Lionel Messi yabanje guhusha Pénalty (9’) imbere y’uko yinjiza ivyo bitsindo bibiri (38’ & 95’+5) !

Leo Lionel Messi ash*tse kur’iyo ntambwe mu gihe buca ahimbaza isabukuru yiwe y’imyaka mirongo itatu n’icenda (39 ans) kur’uyu wa 23 ruheshi 2026. Urugendo rw’ibitsindo mu nkino z’igikombe c’isi "Mundial" yarutanguye mu mwaka wa 2006, afise imyaka 19 gusa, akaba yarinjije igitsindo kimwe. Muri 2010 nta gitsindo yaronse. Muri 2014 Messi yaronse ibitsindo bine (4) ico gihe Argentine yash*tse muri final itsindwa na Allemagne. Muri 2018, Yinjije igitsindo kimwe gusa. Muri 2022, igihe Argentine itwara igikombe i Qatar, Leo Lionel Messi yinjije ibitsindo indwi (7 buts).

Imbere y’uko inkino z’igikombe c’isi yose "Mundial 2026" zitangura n’imbere y’uko Leo Lionel Messi atsinda ibitsindo bitanu (5) mu nkino zibiri gusa, yari afise ibitsindo cumi na bitatu (13). Vyose hamwe yaraye akwije cumi n’umunani (18 buts) mu nkino mirongo ibiri n’umunani (28 matchs) mu kiringo c’imyaka mirongo ibiri (20). Nta nkeka ko azokwinjiza n’ibindi kuko iri higanwa yaritanguranye ishaka ryinshi n’ubutwari.

Isabukuru nziza kuri Leo Lionel Messi (La Pulga) ashobora gusozerera urugendo rwiwe rw’ibitsindo kur’iyi "Mundial 2026". Yamara, ntawobimenya kuko aguma yiyubura ! Twobibutsa yuko kugira ngo yemere gukina izi nkino z’iki gikombe c’isi ziriko zirabera muri Mexique, Canada na Amerika, vyatumwe n’uko yigenjeje neza cane mu mugwi wiwe wa Inter Miami ; nk’uko avyivugira we nyene.
FP

Uburundi buhejeje gusezererwa na Ethiopia mu nkino zo kurondera itike y'igikombe c'isi ku batarenza imyaka 17 ! FT: 🇧🇮 B...
30/05/2026

Uburundi buhejeje gusezererwa na Ethiopia mu nkino zo kurondera itike y'igikombe c'isi ku batarenza imyaka 17 !

FT: 🇧🇮 BURUNDI 1-2 ETHIOPIA 🇪🇹

Mu rukiko rwabaye kuruyu wa gatandatu, Intamba z'abigeme batarenza imyaka 17 ziserewe mu@ gutsindwa ibitsindo 2-1, mu gihe urukino rwa mbere batsinzwe 2-1 nyene mu rukino rwabereye i Addis-Abeba.

Mu nkino 2, Ethiopia itsinze ibitsindo 4-2 Uburundi.

📸 RVE

UMUMENYEREZA UNAI EMERY "UMWAMI" WA EUROPA LEAGUE Umumenyereza Unai Emery yaraye afashije umugwi wa Aston Villa (Anglete...
21/05/2026

UMUMENYEREZA UNAI EMERY "UMWAMI" WA EUROPA LEAGUE

Umumenyereza Unai Emery yaraye afashije umugwi wa Aston Villa (Angleterre) gutwara igikombe cawo kigira kabiri mw’ihiganwa ryo k’umugabane w’iburaya mu gutsinda Fribourg (3-0), ku kibuga "Besiktas stadium" kiri mu gisagara c’i Istanbul, mur’iri joro ryakeye; inyuma y’imyaka mirongo ine n’ine (44 ans) utwaye igikombe cawo ca mbere utsinze umugwi wa Bayern Munich (Allemagne), hari mu kwezi kwa rusama 1982. Gutyo, umumenyereza Unai Emery yamuka muri Espagne nawe aba agize « record » mu gutwara igikombe kigira gatanu.

Igitsindo ca mbere cinjijwe na Youri Tielmans aronse umupira wabanje guca kuri Morgan Rogers, kuri corner y’ubuhinga yatewe na Lucas Digne (1-0, 41’). Mu minota y’inyongera y’igice ca mbere, Emiliano Buendia aba yinjije ica kabiri (2-0, 45’+3), k’umupira mwiza yari ahawe na kizigenza wiwe yaranze rukino John Mc Ginn. Ica gatatu co guhohosha cabonetse giciye kuri Morgan Rogers, ahawe umupira mwiza cane na Lucas Digne (3-0, 58’).

Umugwi wa Aston Villa uronse igikombe wari ugikumbuye, kandi ugishashaye cane, kuko wari umaze kugihusha kane kose "Coupe de la Ligue/2010 & 2020" hamwe na "Coupe d'Angleterre/2000 & 2015". Ariko, waheruka igikombe ca "Coupe de la Ligue" mu mwaka w'i 1996.

Inyuma yo gukorokera mu cicaro ca kabiri "Championship" mu mwaka w’i 2016, umugwi Aston Villa ntiwatevye kugaruka mu cicaro ca mbere "Premier League" muri 2016, none urisubije umutamana mu migwi ikomeye kw’isi, ubifashijwemwo cane n’umumenyereza Unai Emery, amaze imyaka ine awush*tsemwo.

Inyuma yo gushika mu gice ca kabiri gishira icanyuma (½ finale) ya "Ligue Conférence" muri 2024, no mu gice ca kane gishira icanyuma (1/4 finale) ya "Ligue des champions" mu mwaka uheze 2025; Unai Emery atwaye "Ligue Europa" mu 2026 ari kumwe na Aston Villa. Iki gikombe gikwije bitanu (5) gitumye aba UMWAMI wa Ligue Europa. Yari amaze gutwara ibikombe bitatu (3) ari kumwe n’umugwi wa Séville (Espagne) n’ico (1) yatwaye ari kumwe na Villarreal (Espagne).

Wari umunezero mwinshi cane mu bakunzi ba Aston Villa, abakinyi bose na cane cane umumenyereza Unai Emery. FP

INYUMA Y’IMYAKA 22 MIKEL ARTETA ARASUBIJE UMUTAMANA ARSENALAhanini, intsinzi ya Arsenal bayikesha Mikel Arteta. Igihe ya...
20/05/2026

INYUMA Y’IMYAKA 22 MIKEL ARTETA ARASUBIJE UMUTAMANA ARSENAL

Ahanini, intsinzi ya Arsenal bayikesha Mikel Arteta. Igihe yashika muri Arsenal mu mwaka (2019) agomwe kuba umumenyereza mukuru avuye muri Manchester City, aho yari icegegera ca Pep Guardiola, yash*tse abiba imbuto y’umwizero n’intsinzi. Benshi bavuga ngo ntazoharagama co kimwe na Unai Emery yarasubiriye yirukanywe amaze umwaka umwe n’igice gusa !

Ico gihe, nta burambe mu vyo kumenyereza yari afise, kandi umugwi wari mu kibanza kitawubereye (8è place), yamara we yash*tse avuga ijambo ryaremesheje abakinyi hamwe n’abakunzi b’umugwi, ati : « Umwe wese ahamariwe kwitanga tugatwara ibikombe, ahandi ho ivyo twokora vyose nta co vyoba bimaze. Nemeye mbere gutanga akama kanyuma k’amaraso yanje.»
N’ubwo Arsenal yari mu bihe bibi kuko yari mu kibanza c’i 10 inyuma y’inkino 17 z’ihiganwa, ifise intsinzi imwe gusa mu nkino 12 yaheruka gukina, Mikel Arteta yash*tse yifitiye icizere cinshi co kunagura umugwi akunda kandi yakiniye inkino zababa 150 akiri umukinyi, mu myaka itanu, hagati ya 2011 na 2016.

Mugusubira guha igikombe Arsenal, Mikel Arteta arakurikije iragi rya Arsène Wenger yatanze umunezero ku bakunzi b’umugwi mu kiringo c’imyaka irenga mirongo ibiri (1996-2018), kuko niho baheruka gutwara igikombe.

Mu ntumbero yo gushika kw’ihangiro, Mikel Arteta yash*tse afata ingingo ziremereye, harimwo gusezerera abakinyi b’ibihangange ntakorwako (stars), nka Pierre-Emerick Aubameyang na Mesut Özil.

Arinze rero atanga umunezero wo gutwara igikombe yabanje gufata akanya ko kwubaka bushasha. Yatanguye kuduza umugwi buke buke awukura mu kibanza c’i 10 yawusanzemwo awushira mu kibanza c’u 8 imyaka ibiri ikurikirana, hanyuma awugeza mu kibanza ca 5. Yahavuye aronswa abakinyi yari yipfuje cane, ari bo Martin Odegaard (2021), umunyegori David Raya na Declan Rice (2023), umusatirizi akomeye Viktor Gyökeres (2025), hamwe rero n’abandi n’abandi, kandi bazanye inguvu nyinshi bagashikana umugwi mu kibanza ca kabiri gatatu.

Mbere, uyu mwaka abo bakinyi batwaye igikombe baterekanye umupira mw’iza w’isuku nk’uwo bakina mu myaka ibiri canke itatu iheze ! Yamara, ishaka, ubutwari, inguvu n’ubuhizi batanguranye ihiganwa n’ivyo bibashikanye kw’ihangiro.

Mu kurindira urukino rukomeye (final) ruzobahuza na Paris Saint Germain (France), kw’igenekerezo rya 30 rusama 2026 i Budapest mw’ihiganwa rya "ligue des champions/UEFA", urukino rusozera ihiganwa rya "Premier League (Angleterre)" ruzobahuza na Cristal Palace, kur’uyu w’Imana igenekerezo rya 24 rusama 2026, bazorukina umutima uri munda, amaso ahanze igikombe, amaboko nayo arindiriye kugiterura; bongera barerura umumenyereza wabo Mikel Arteta mu munezero mwinshi imbere y’abarorerezi babo benshi, uhereye ku bana bato gushika ku batama n’abatamakazi.

Iyo Manchester City irara itsinze Bournemouth (1-1/37è j), n'ubwo Arsenal yari yatsinze Burnley (1-0/37è j) mw’ijoro ry’umusi wa mbere, yategerezwa kurindira umusi wanyuma w’ihiganwa (38è j).

Tubibutse ko Arsenal yaheruka gutwara igikombe c’ihiganwa rikuru mu mwaka w’ibihumbi bibiri na kane (2004). FP

INTAMBA MU RUGAMBA ZIZOBANZA GUTSINDA IMIGWI NSERUKIRAGIHUGU ITATU IMBERE YO KURONKA UBURENGANZIRA BWO GUKINA INKINO ZAN...
19/05/2026

INTAMBA MU RUGAMBA ZIZOBANZA GUTSINDA IMIGWI NSERUKIRAGIHUGU ITATU IMBERE YO KURONKA UBURENGANZIRA BWO GUKINA INKINO ZANYUMA (PHASE FINALE) ZA CAN 2027.

Mu migwi nserukiragihugu itatu yatomboje INTAMBA MU RUGAMBA, umugwi nserukiragihugu wa Algérie niwo utinyitse. Yamara, n’iyindi ntihobahoba. Kugira ngo Uburundi busubire muri CAN ku ncuro igira kabiri, butegerezwa gufata ikibanza ca mbere canke ica kabiri mu nkino zitandatu zo gukuranakuramwo zizozihuza na Alégerie, Zambie hamwe na Togo. Ng'uku uko ibihugu vyatomboranye :
Groupe A : Maroc, Gabon, Niger, Lesotho
Groupe B : Egypte, Angola, Malawi, Soudan du Sud Groupe C : Côte d'Ivoire, Ghana, Gambie, Somalie Groupe D : Afrique du Sud, Guinée, Kenya, Érythrée Groupe E : RD Congo, Guinée équatoriale, Sierra Leone, Zimbabwe Groupe F : Burkina Faso, Bénin, Mauritanie, République Centrafricaine Groupe G : Cameroun, Comores, Namibie, Congo Groupe H : Tunisie, Ouganda, Libye, Botswana Groupe I : Algérie, Zambie, Togo, Burundi Groupe J : Sénégal, Mozambique, Soudan, Ethiopie Groupe K : Mali, Cap-Vert, Rwanda, Liberia Groupe L : Nigeria, Madagascar, Tanzanie, Guinée-Bissau

Tombola yabaye kur'uyu wa kabiri igenekerezo rya 19 rusama 2027, yatanze imigwi cumi n’ibiri (12 groupes). Ibirori vyari bihagarikiwe n’ibihangange wya Football ya Afrika, nka Trésor Mputu (RD Congo), Max-Alain Gradel (Côte d’Ivoire), William Troost-Ekong (Nigeria) na Essam El Hadary (Egypte).

Ibihugu mirongo ine n’umunani (48 pays) Uburundi burimwo nivyo bizohiganirwa ibibanza bibiri vya mbere bitanga uburenganzira bwo gushika mu gica canyuma (final). Yamara, imigwi nserukiragihugu yatomboye Tanzanie, Ouganda canke Kenya yo izohiganirwa ikibanza kimwe rudende gitanga uburenganzira bwo kubandanya ihiganwa, kuko ivyo bihugu bitatu arivyo bizokwakira inkino za CAN 2027 biza vyaramaze kuronka uburengazira. Izo nkino zizokinwa hagati y’amagenekerezo ya 19 ruheshi 2027 na 17 mukakaro 2027.

Tubibutse ko umumenyereza Sangwa Mayani Patrck yemanze ko ategerezwa gushikana Uburundi muri CAN 2027. Tumwipfurije gushika kur’iryo hangiro, kandi birashoboka kuko we n’abamufasha hamwe n’abakinyi bose basenyera k’umugozi umwe.

Twobamenyesha kandi yuko kur’uyu wa 19 rusama 2027, INTAMBA MU RUGAMBA z’abigeme batarenza imyaka cumi n’indwi (u17) zafashe urugendo zerekeza mu gihugu ca Ethiopie, aho twizeye ko abo barundikazi bazokwigenza neza nk’uko bigenjeje neza imbere y’igihugu ca Malawi.
FP

INTAMBA MU RUGAMBA ZIZOBANZA GUTSINDA IMIGWI NSERUKIRAGIHU ITATU IMBERE YO KURONKA UBURENGANZIRA BWO GUKINA INKINO ZANYU...
19/05/2026

INTAMBA MU RUGAMBA ZIZOBANZA GUTSINDA IMIGWI NSERUKIRAGIHU ITATU IMBERE YO KURONKA UBURENGANZIRA BWO GUKINA INKINO ZANYUMA (PHASE FINALE) ZA CAN 2027.

Mu migwi nserukiragihugu itatu yatomboje INTAMBA MU RUGAMBA, umugwi nserukiragihugu wa Algérie niwo utinyitse. Yamara, n’iyindi ntihobahoba. Kugira ngo Uburundi busubire muri CAN ku ncuro igira kabiri, butegerezwa gufata ikibanza ca mbere canke ica kabiri mu nkino zitandatu zo gukuranakuramwo zizozihuza na Alégerie, Zambie hamwe na Togo. Ng'uku uko ibihugu vyatomboranye :
Groupe A : Maroc, Gabon, Niger, Lesotho
Groupe B : Egypte, Angola, Malawi, Soudan du Sud Groupe C : Côte d'Ivoire, Ghana, Gambie, Somalie Groupe D : Afrique du Sud, Guinée, Kenya, Érythrée Groupe E : RD Congo, Guinée équatoriale, Sierra Leone, Zimbabwe Groupe F : Burkina Faso, Bénin, Mauritanie, République Centrafricaine Groupe G : Cameroun, Comores, Namibie, Congo Groupe H : Tunisie, Ouganda, Libye, Botswana Groupe I : Algérie, Zambie, Togo, Burundi Groupe J : Sénégal, Mozambique, Soudan, Ethiopie Groupe K : Mali, Cap-Vert, Rwanda, Liberia Groupe L : Nigeria, Madagascar, Tanzanie, Guinée-Bissau

Tombola yabaye kur'uyu wa kabiri igenekerezo rya 19 rusama 2027, yatanze imigwi cumi n’ibiri (12 groupes). Ibirori vyari bihagarikiwe n’ibihangange wya Football ya Afrika, nka Trésor Mputu (RD Congo), Max-Alain Gradel (Côte d’Ivoire), William Troost-Ekong (Nigeria) na Essam El Hadary (Egypte).

Ibihugu mirongo ine n’umunani (48 pays) Uburundi burimwo nivyo bizohiganirwa ibibanza bibiri vya mbere bitanga uburenganzira bwo gushika mu gica canyuma (final). Yamara, imigwi nserukiragihugu yatomboye Tanzanie, Ouganda canke Kenya yo izohiganirwa ikibanza kimwe rudende gitanga uburenganzira bwo kubandanya ihiganwa, kuko ivyo bihugu bitatu arivyo bizokwakira inkino za CAN 2027 biza vyaramaze kuronka uburengazira. Izo nkino zizokinwa hagati y’amagenekerezo ya 19 ruheshi 2027 na 17 mukakaro 2027.

Tubibutse ko umumenyereza Sangwa Mayani Patrck yemanze ko ategerezwa gushikana Uburundi muri CAN 2027. Tumwipfurije gushika kur’iryo hangiro, kandi birashoboka kuko we n’abamufasha hamwe n’abakinyi bose basenyera k’umugozi umwe.

Twobamenyesha kandi yuko kur’uyu wa 19 rusama 2027, INTAMBA MU RUGAMBA z’abigeme batarenza imyaka cumi n’indwi (u17) zafashe urugendo zerekeza mu gihugu ca Ethiopie, aho twizeye ko abo barundikazi bazokwigenza neza nk’uko bigenjeje neza imbere y’igihugu ca Malawi.
FP

Umugwi wa Vision F.C uhejeje kumenyesha ko wasinyishije abakinyi babiri ! ✅ ✍ Ni umunyegori Daniel Hakizimana hamwe n'um...
12/05/2026

Umugwi wa Vision F.C uhejeje kumenyesha ko wasinyishije abakinyi babiri ! ✅

✍ Ni umunyegori Daniel Hakizimana hamwe n'umusatirizi Hassan Ndima bose bavuye mu mugwi wa Musongati w'i Gitega, bakaba basinye amasezerano y'imyaka 3.

👋🏻 Ivyo bibaye inyuma yaho uyu mugwi wa Youssouf Ndayishimiye na Bonfils Caleb Bimenyimana waheruka kumenyesha ko utandukanye n'abakinyi 9 bari bawufashije mu mwaka w'inkino wa 2025-2026.

Muri abo bakinyi batandukanye n'uyo mugwi, twogaruka kuri Jonathan Nahimana (vyari bizwi neza ko azomara amezi 6 gusa) asubirijwe na Daniel Hakizimana.

Clebert Muhoza

LDC/UEFA 2025-2026 : MU KURINDIRA URUKINO RWANYUMA ARSENAL IBAYE IRAKOZA UKUBOKO KUMWE KU GIKOMBEIgitsindo kimwe rudende...
06/05/2026

LDC/UEFA 2025-2026 : MU KURINDIRA URUKINO RWANYUMA ARSENAL IBAYE IRAKOZA UKUBOKO KUMWE KU GIKOMBE

Igitsindo kimwe rudende cinjijwe na Bukayo Saka k'umunota wa 45' ku kibuga ciwe mu gisagara c'i Londres, caraye gihaye umugwi wiwe Arsenal (Angleterre) gushikana ukuboko kumwe ku gikombe mu kurindira kugiteruza amaboko yompi. Yamara rero, urukino ntirwigeze rworoha na gato, kuko abakinyi bose bari baje bazikenyeye, kanatsinda n'abamenyereza babo Mikel Arteta (Arsenal) na Diego Simeone (Atletico Madrid) basanzwe bazwi cane k'ubuhinga bwo kwugarira ! Urukino rwa mbere rwabereye mu gisagara c'i Madrid rwari rwarangiye ku gitsindo kimwe ku kindi (1-1)

Mw'ijoro ry'uyu musi haramenyekana uwundi mugwi urara ukojeje ukuboko ku gikombe, hagati ya Bayern Munich na Paris Saint Germain uramenyekana.

N'ubwo bishika gake, dushobora kubona urukino rusa n'urwambere rwabaye mu ndwi iheze, rwuguruye, rutanga ibitsindo vyinshi, kuko abamenyereza Vincent Kompany (Bayern Munich) na Luis Enreque (Paris Saint Germain) bazwi cane k'ubuhinga bwo gusatira, kandi bafise n'abasatirizi babona igori : Harry Kane, Michael Olise na Luis Diaz, hamwe na Ousmane Dembélé, Khvicha Kvaratskhelia n'abandi n'abandi. Urukino rwambere rwarangiye ku ntsinzi ya Paris Saint Germain (5-4).
FP

LDC/UEFA 2025-2026 : EGOOO FOOTBALL NYAYO !Mu gihe hasigaye imisi mirongo itatu n'umwe gusa ngo urukino rwanyuma (final)...
29/04/2026

LDC/UEFA 2025-2026 : EGOOO FOOTBALL NYAYO !

Mu gihe hasigaye imisi mirongo itatu n'umwe gusa ngo urukino rwanyuma (final) rube, ni nde agiye kubandanya urugendo rugana igikombe hagati y'umugwi wa Paris Saint Germain (France) n'uwa Bayern Munich (Allemagne) ? Ni ukuri, gushika ubu biragoye kuronka inyishu, kuko iyo migwi yose yaraye yerekanye urukino rwa Football rwiza cane rwaranzwe n'ugusatira ku mpande zose.

Ibitsindo icenda vyose mu rukino rw'ice ca kabiri gishira icanyuma mw'ihiganwa rya "ligue des champions" iburaya ? Egoo, nivyo vyemere ibitsindo icenda vyaraye bibonetse ku ncuro ya mbere, ku kibuga "Parc des Princes" c'i Paris (France), aho Paris Saint Germain yinjije ibitsindo bitanu (5), Bayern Munich yinjiza bine (4). Urwo rukino rusukuye rwarangiye ku ntsinzi ya Paris Saint Germain (5-4). Ng'uku uko vyagenze : Kw'ikosa ryakozwe na Pacho k'umukinyi Luis Diaz anyaruka cane k'umunota wa 16', ryakweze 'pénalty" yatewe neza cane na Harry Kane, igitsindo ca mbere ca Bayern Munich cari kibonetse (0-1) Inyuma y'aho umupira watewe na Michael Olise ugaruwe n'i "poteau" k'umunota wa (20') n'uwundi wagaruwe na Marquinhos k'umurongo w'igori (32'), hamwe n'igitsindo Dembélé yananiwe ari wenyene imbere y'igori; Umukinyi Khvicha Kvaratskhelia ahawe umupira mwiza na Désiré Doué yaraciye mu ryahumye abakinyi b'inyuma ba Bayern Munich (25') n'umunyegori Manuel Neuer arimwo (1-1) 33", Joao Neves yinjije igitsindo n'umutwe k'umupira wari utewe na Ousmane Dembélé mu mfuruka z'ikibuga (2-1) 41', Michael Olise aciye mu ryahumye abakinyi b'inyuma ba Paris Saint Germain, yararungitse umupira uremereye (urusoro) mw'igori (2-2) 45'+1, Kw'ikosa ry'ukoboko ryakozwe na Alphonso Davies, Dembélé yaciye atsinda kuri "pénalty" (3-2) 56', Kvara yinjije igitsindo k'umupira mwiza yahawe na Ashraf Hakimi (4-2) 58', Ousmane Dembélé yasa n'uwutanze icizere cinshi ku gitsindo ca gatanu (5-2), yamara agahinda kari kakiri inyuma ! Bidatevye, k'umunota wa (65'), kuri "coup franc direct" Dayot Upamecano aba arinjije neza cane n'igikiriza (5-3) 68', Luis Diaz kuri "crochet" yuzuye ubihinga bwinshi yakubise Marquinhos, yaciye yungikanya, umunyegori Matvei Safonov yasigaye arakurikiza amaso gusa (5-4). Urukino rwarangiye atakindi gitsindo kibonetse, n'ubwo Olise na Joshua Kimmich bahatswe kugombora (80' & 90'+4).

Abamenyereza Luis Enrique na Vincent Kompany baraye bagaragaje ko n'ubwo urukino rwa Football rwoba ruteye ubwoba, rushobora gutanga ibitsindo vyinshi n'umunezero mwinshi ku barorerezi b'impande zose.
FP

Nta gukekeranya urukino rwo gusubiza rutegekanijwe kuwa gatatu w'igenekerezo rya 06 rusama ku kibuga "Allianz Arena stadium" ruzorangwa n'igihuhusi c'umuyaga w'umuyagankuba mu kirere c'i Munich (Allemagne).

Iri joro ryo ritubikiye iki hagati ya Atletico Madrid (Espagne) na Arsenal (Angleterre) ? Reka turindire iminota (90') itangura guharurwa igihe c'isaha zitatu z'ijoro (21h00ç.
FP

Address

Bujumbura
783

Telephone

+25768705406

Website

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Top Sports Colombe FM posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Contact The Business

Send a message to Top Sports Colombe FM:

Share