Infos Basketball 257

Infos Basketball 257 Sports

Umugwi wa DYNAMO BBC akaba ariwo mugwi  uhejeje gutahukana igikombe c'icungu z'Uburundi utsinze umugwi wa REMESHA amanot...
21/10/2025

Umugwi wa DYNAMO BBC akaba ariwo mugwi uhejeje gutahukana igikombe c'icungu z'Uburundi utsinze umugwi wa REMESHA amanota 78 kuri 59

FT: DYNAMO BBC 78-59 REMESHA BBC

Tubamenyeshe ko umukinyi KARABONA Clement akinira DYNAMO BBC ariwe mukinyi yaranze iri higanwa [ The MVP] akaba yahawe ibahasha ry'ibihumbi amajana atanu y'amarundi

Ni mu gihe naho umugwi w'URUNANI BBC watahukanye ikibanza ca gatatu utsinze umugwi wa LES HIPPOS amanota 83 kuri 68

Ku musi w'ejo wa kabiri itariki 21/10/2025 ku kibuga ca Departement des Sports hagiye kubera urukino rudasanzwe rwa nyum...
20/10/2025

Ku musi w'ejo wa kabiri itariki 21/10/2025 ku kibuga ca Departement des Sports hagiye kubera urukino rudasanzwe rwa nyuma muri ca gikombe citiriwe incungu z'Uburundi rugiye guhuza umugwi wa DYNAMO BBC hamwe n'umugwi wa REMESHA igiye c'isaha indwi z'umurango [ 13H00'] ni mu gihe naho urukino rwo kurondera ikibanza ca gatatu ruzohuza umugwi w'URUNANI BBC hamwe na LES HIPPOS narwo ruzoba igihe c'isaha zitanu z'umurango [ 11H00']

Tubamenyeshe ko umugwi uzoba uwa mbere muri ico gikombe uzohabwa imiriyoni 10 uwa kabiri akaronka imiriyoni 8 hama uwa gatatu nuwa kane bagahabwa imiriyoni 5 z'amarundi

La FEBABU en collaboration avec la Fondation Pax Burundi organise la Coupe des Héros du Burundi Edition 2025 Les matchs ...
18/10/2025

La FEBABU en collaboration avec la Fondation Pax Burundi organise la Coupe des Héros du Burundi Edition 2025

Les matchs de la demi-finale auront lieu ce Dimanche au terrain de Departement

Umugwi wa LES HIPPOS BBC uva mu gihugu cacu c'uburundi niwo mugwi waraye utahukanye igikombe ca EABCC 2025 [ Zone 5] iny...
11/10/2025

Umugwi wa LES HIPPOS BBC uva mu gihugu cacu c'uburundi niwo mugwi waraye utahukanye igikombe ca EABCC 2025 [ Zone 5] inyuma yo gutsinda umugwi wa ULINZI WARRIORS wo muri Kenya amanota 88 kuri 61

FT : LES HIPPOS 🇧🇮 88-61 ULINZI WARRIORS 🇰🇪

Tubibutse ko umugwi wa LES HIPPOS uciye uba umugwi ugira kabiri utahukanye ico gikombe inyuma yaho umwaka uheze umugwi wa REMESHA ariwo wagitahukanye

Kuri uyu musi w'Imana itariki 05/09/2025 niho hitezwe urukino rwa mbere umugwi wa LES HIPPOS uva mu gihugu cacu c'uburun...
05/10/2025

Kuri uyu musi w'Imana itariki 05/09/2025 niho hitezwe urukino rwa mbere umugwi wa LES HIPPOS uva mu gihugu cacu c'uburundi uza gukina muri za nkino za East African Basketball Champions Cup [ EABCC 2025] ziza gutangura uyu musi mu gihugu ca Kenya 🇰🇪

Tubamenyeshe ko umugwi wa LES HIPPOS uza guhura n'umugwi wa UMOJA wo muri Kenya igihe c'isaha cumi n'imwe ni igice [ 17H30'] ku kibuga NYAYO STADIUM GYMNASIUM

Kuri uyu musi wa gatanu umugwi wa Les Hippos BBC niho waramutse ufata urugendo ruwujana mu gihugu ca   muri za nkino za ...
03/10/2025

Kuri uyu musi wa gatanu umugwi wa Les Hippos BBC niho waramutse ufata urugendo ruwujana mu gihugu ca muri za nkino za [Zone 5] zikaba zigiye gutangura ku musi w'Imana itariki 05/10/2025 zikazorangira kwitariki ya 10 Gitugutu umwaka wa 2025

Tubamenyeshe ko umugwi wa LES HIPPOS ugiye guhura niyi migwi :

🎯ULINZI WARRIORS [ KENYA]
🎯KPA [ KENYA]
🎯UMOJA [ KENYA]
🎯STEIN WARRIORS [TANZANIA]
🎯GAMBELA CITY [ ETHIOPIE]

Umugwi wa LES HIPPOS usanzwe ukina mu gihugu c'Uburundi mw'ihiganwa  rikuru ry'umupira w'amaboko mu Burundi uriko uriteg...
17/09/2025

Umugwi wa LES HIPPOS usanzwe ukina mu gihugu c'Uburundi mw'ihiganwa rikuru ry'umupira w'amaboko mu Burundi uriko uritegurira inkino za [ Zone 5] aho kuri uyu musi wa gatatu bariko bakora imyimenyerezo ku kibuga ca Parquet kiri mu gisagara hagati ca Bujumbura.

Muri iyo myimenyerezo hari abakinyi basanzwe bakinira iyindi migwi bariko bakora iyo myimenyerezo harimwo Landry NDIKUMANA ,Bujeje Romis ,Clark Dushime , Napoleon Abikunze ,Hervé Nsabimana ,Jambo Landry Akimana batazira Gasongo , Paulin Jimbere, Rudolph hamwe na Karabona Clement bariko bakora imyimenyerezo mubandi barabe abo bazokwifashisha muriryo higanwa

Tubamenyeshe ko iryo higanwa rizobera mu gihugu ca Kenya 🇰🇪 atagihindutse

Ihiganwa rya ROAD TO BAL 2025 risanzwe rigiye kuzokwitabirwa n'umugwi wa DYNAMO BBC usanzwe ariwo uzoserukira igihugu ca...
06/09/2025

Ihiganwa rya ROAD TO BAL 2025 risanzwe rigiye kuzokwitabirwa n'umugwi wa DYNAMO BBC usanzwe ariwo uzoserukira igihugu cacu c'uburundi bivanye nuko ariwo wabaye uwa mbere mu gutsinda mu nkino za PLAYOFFS FINALS 2025 rigiye kuzoba mu kwezi kwa 11 [ November] ariko bikaba bitaremenyekana aho iryo higanwa rizobera ivyo bikaba vyashikirijwe na Claver Hacimana asanzwe ari Secretaire Général wa FEBABU aho yaraye abivugiye mu mubonano udasanzwe waraye ubaye wabakunzi ba Basket basanzwe bahurikiye muri Groupe WhatsApp ya INFOS BASKETBALL 257 wabereye kuri Mess des Officiers.

04/09/2025

| 🏀 Inyuma yo kurangiza umwaka w'inkino mw'ihiganwa rya Vital'O Basketball League 2025, abakunzi b'urwo rukino bagiye gukoranira hamwe m'ubutandukane bwabo.

Clovis Ludic NSENGIYUMVA asanzwe arongoye umugwi uhurikiyemwo abo bakunzi ba Basketball mu Burundi araza kutuyagira kw'ihangiro nyamukuru ry'uwo mubonano, hamwe n'ico twokwitega inyuma yawo.

Ntimuje gutangwa kubana natwe mu kiganiro c'inkino c'uno musi, cama gitangura imisi yose kuva isaha imwe gushika isaha zitatu z'ijoro (19h00' - 21h00'), kuva ku musi wambere gushika k'uwa gatanu.

Bivanye n'abantu benshi bagumye badusaba kwinjira  muri Groupe WhatsApp murashobora guca kuri iyi Link mukaza muraronka ...
02/09/2025

Bivanye n'abantu benshi bagumye badusaba kwinjira muri Groupe WhatsApp murashobora guca kuri iyi Link mukaza muraronka amakuru ya Basket ku mwanya mbere binabaye ngobwa tuze duhurire muri Rencontre idazanzwe izoba itariki 05/09/2025 kuri Mess des Officiers

https://chat.whatsapp.com/IsDZBJUghQc3X4t9BB8ZQZ?mode=ems_copy_t

Address

15
Bujumbura

Telephone

+25769495457

Website

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Infos Basketball 257 posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Contact The Business

Send a message to Infos Basketball 257:

Share

Category