ELG on LINE

ELG on LINE ๐Ÿ‡ง๐Ÿ‡ฎ ๐Ÿค๐Ÿป Bringing news only: Kirundi, French and English . We refer on your thoughts ๐Ÿ‡ง๐Ÿ‡ฎ

13/07/2024

Shout out to my newest followers! Excited to have you onboard! Ngabireyimana Bella, Irankunda Elyse

13/07/2024

Thanks for being a top engager and making it on to my weekly engagement list! Elysรฉ Nkurunziza

๐Ÿ€๐ŸŸขโšช|  : wari u*i ko ivya Dynamo BBC kumwe na Visit Rwanda hakirimwo igifungu....?๐Ÿ‘€๐Ÿค” ๐Ÿ’ฌ "  sibo batanze uburyo 'Sponsors '...
29/06/2024

๐Ÿ€๐ŸŸขโšช| : wari u*i ko ivya Dynamo BBC kumwe na Visit Rwanda hakirimwo igifungu....?๐Ÿ‘€๐Ÿค”

๐Ÿ’ฌ " sibo batanze uburyo 'Sponsors ' bonyene, hariho na abandi bashizemwo uburyo...

๐Ÿ‘†๐Ÿป Rero, kubwa ivyo, kugira abarundi babandanye inkino za Basketball ata nzitizi, turiko turageragerageza gukora ibiganiro kugira ico kibazo gikemuke...

๐Ÿค Ku nyungu ya Basketball mu Burundi, turizera ko ico kibazo hazogera aho gikemuka..."

๐Ÿ‘†๐Ÿป Ayo ni amwe mu majambo yashikirijwe na 'Ambassadeur, Rรฉmy Barampama, umuvugizi wa ubushikiranganji muvyo bujejwe harimwo na inkino....

๐Ÿ“ Yabivugiye i Makamba, mu kiganiro cariko kiraremeshwa na Indongozi mu bushikiranganji butandukanye na Abamenyeshamakuru ku musi w'ejo hahise...

๐Ÿ—ž๏ธ Inkuru irabandanya.... ๐Ÿ˜

๐Ÿ€๐ŸŸขโšช|  : wari u*i ko ivya Dynamo BBC kumwe na Visit Rwanda hakirimwo igifungu....?๐Ÿ‘€๐Ÿค” ๐Ÿ’ฌ "Ego nivyo Visit Rwanda yaratanze ...
28/06/2024

๐Ÿ€๐ŸŸขโšช| : wari u*i ko ivya Dynamo BBC kumwe na Visit Rwanda hakirimwo igifungu....?๐Ÿ‘€๐Ÿค”

๐Ÿ’ฌ "Ego nivyo Visit Rwanda yaratanze 'Sponsors'.....

โŒ Ahibambewe, ntibisigura ko aho Visit Rwanda yagiye irashiramwo ubwo buryo hose, bica biba ngombwa ngo bace bambara umwambaro wanditseko ..."

๐Ÿ‘†๐Ÿป Ayo ni amwe mu majambo yashikirijwe na 'Ambassadeur, Rรฉmy Barampama, umuvugizi wa ubushikiranganji muvyo bujejwe harimwo na inkino....

๐Ÿ“ Abivugiye i Makamba, mu kiganiro kiriko kiraremeshwa na Indongozi mu bushikiranganji butandukanye na Abamenyeshamakuru.

๐Ÿ—ž๏ธ Inkuru irabandanya... ๐Ÿ˜

๐Ÿ€๐Ÿ‘  Akandi gakuru keza muri Febabu : Amande angana n'amafaranga y'ama suisse 50.000 ishirahamwe ry'urukino gwa Basketbal...
25/06/2024

๐Ÿ€๐Ÿ‘ Akandi gakuru keza muri Febabu : Amande angana n'amafaranga y'ama suisse 50.000 ishirahamwe ry'urukino gwa Basketball mu Burundi ryaciwe na FIBA agiye kuzoza ararihwa mu mice ikiringo co kuba yatanzwe yose na co cungururujwe gushika itarike 31 kigarama 2026

๐Ÿ“ข Muri Febabu barashima cane iyo ngingo bagatera akamo ababishoboye gufasha mu kwegeranya uburyo (imiriyoni zigera ku 160 z'amarundi) bugenewe ico gikorwa

๐Ÿคฉ Muti Febabu iri mu kazi?

Cc: Iris News

 : Abana badafise ikibafatira bazindukira kwihigira akanyama kugira bashobore kuronka icorirenza....๐Ÿ”š Ku musi w'ejo, nez...
23/06/2024

: Abana badafise ikibafatira bazindukira kwihigira akanyama kugira bashobore kuronka icorirenza....

๐Ÿ”š Ku musi w'ejo, neza na neza igihe c'isaha umunani z'umutaga, igihe twashika mu Gatumba mu Ntara ya Bujumbura, ahaherutse gushikirwa n'ivyago vy'ihindagurika ry'ibihe twarashoboye kubona abana bazi kwisumamwo kugira bashobore kuronka icorirenza.

๐Ÿ—ฃ๏ธ Umwe muri abo bana, twarashoboye kuganira..., aratubwira igituma avyukira kuri ako kazi :

๐ŸŽค I.B ati: "Mvyukira ng'aha kugira nshobore kuronka akanyama mfungura, ubona ko n'ubu*ima bwo mu gisagara ari indya nkudye.

Kwama mvyukira ng'aha, biratuma ndonka icorirenza, biranatuma ntakorakora.

Ndafise icizere co kutazoguma muri buno bu*ima, umwanya n'umwanya, Imana ishobora kumpindurira amateka na ridya niyizi ko ubunebwe atari ikirenga...."

๐Ÿ‘€ Nawe ubwo bu*ima warabuciyemwo? Akira ๐ŸŽค ugire ico utekereye abo bana...

*ima

๐Ÿ˜๐Ÿ˜๐Ÿ˜
19/06/2024

๐Ÿ˜๐Ÿ˜๐Ÿ˜

๐Ÿ”ด "Kazima Imana Inkunda" niyo ndirimbo Dj Fernando +257 ashimye gusohora inyuma y'ibiriko biramuvugwako bitari vyiza muri ino misi

๐ŸŽฌ Iyo ndirimbo iza gusohoka isaha 12 z'umugoroba kuri uno wa gatatu

๐Ÿค— Tubibutse : Dj Fernando ari mu kibazo co kutumvikana n'umukenyezi Kadie Kay. Ni inyuma y'uko ku musi wa gatanu igenekerezo rya 14 Ruheshi, mu gihe hari haramutse haba igiteramo co gutanga ubushimwe mwโ€™ihiganwa โ€œKa Summer Songโ€ ritunganywa nโ€™isamirizi Kazoza FM , umuririmvyi Dj Fernando ash*tse ku butambiro yagize ati : โ€œTuze tureka kwibeshera iyo wakoze ikintu ube ukivuga. Umu maman yanditse Mon Logo ntabwo yanditse Bellissima ace aza ambeshuze ngโ€™aha. Umwe yavuga ko yanyandikiye Bellissima ni aze ayiririmbe.โ€

๐Ÿ—ฃ Bukeye Kadie Kay, yakoranye ikiganiro nโ€™Imboneshakure Umukubito , aho yashikirije ko umuririmvyi Dj Fernando yamuburiye indero mu kumuvuga muri ico giteramo.

โœ๏ธ Ikindi Kadie Kay amenyesha nโ€™uko ndirimbo Bellissima, yatumye Dj Fernando atahukana imiriyoni zitanu mwโ€™ihiganwa atari we yayanditse nkโ€™uko uwo muriririmvyi abishikiriza mu binyamakuru no ku mbuga ziwe.

๐Ÿ™Œ Dj Fernando ati :"Kazima Imana Inkunda" ...uyiteguriye gute?

*iki

 : Onze ร‰toiles, abana b'abigeme babica bigacika mu rukino rw'umupira w'amaguru, n'ubwo bacirondeza....โœ๐Ÿป Ku musi w'Iman...
18/06/2024

: Onze ร‰toiles, abana b'abigeme babica bigacika mu rukino rw'umupira w'amaguru, n'ubwo bacirondeza....

โœ๐Ÿป Ku musi w'Imana igenekerezo rya 16 Ruheshi 2024, ku kibuga Centre Technique de Ngagara ' ', hari haramutse haba urukino ruhuza umugwi wa Onze ร‰toiles (Bujumbura) kumwe n'umugwi wa Isezerano FC (Ngozi).

๐Ÿ‘†๐Ÿป Muri urwo rukino, abigeme ba Onze ร‰toiles batsinzwe n'umugwi wa Isezerano FC ibitsindo 2-4. Rwari urukino rudasanzwe, kuko vyaraboneka ko imigwi yose yari yaje inyotewe intsinzi.

๐Ÿ™Œ๐Ÿป Mu ntumbero yo kwiyubaka, umugwi wa Onze ร‰toiles ukomoka mu Ntara ya Bujumbura uriko uragerageza kuzana amaraso mashasha.

๐Ÿฅณ Ubu bakaba bageze ku ntambwe yo kuva mu Ntara ya Bujumbura bakerekeza mu Ntara ya Gitega i Mutaho kugira bashobore kuzana amaraso mashasha.

๐Ÿ‘†๐Ÿป Nka akarorero, barazanye abana b'abigeme babiri bakomoka mu Ntara ya Gitega muri komine Mutaho: Divine kumwe na Jeanne.

๐Ÿซด๐Ÿป Ni mubatere intege basha. ๐Ÿฅน

12/06/2024

๐Ÿค” Mwari mu*i ko Aimรฉ Nkonyereza, umurongozi w'Urunani BBC ari mubagize uruhara runini kugira Basketball mu Burundi igabanirizwe ibihano ?

๐Ÿ”™ Muribuka inkuru duheruka kubasangiza ivuga ku kijanye n'uko Uburundi bushobora kuronka ikibuga mpuzamakungu cakira inkino za Basketball, bimwe muvyari vyashikirijwe na Annibal Manave aramutswa FIBA Africa ishirahamwe rya Basketball muri afrika. Inkuru iri hano : https://shorturl.at/kJfHX

๐Ÿ’ฌ Tubasangize ayandi majambo yashikirijwe na Annibal Manave nyene, aho yabwiye abarundi n'abarundikazi ko "Aimรฉ Nkonyereza ari mubitanze cane kugira Uburundi bugabanirizwe ibihano muri ca gihe umugwi wa Dynamo BBC wari mu vyago".

๐Ÿ—ฃ๏ธ Yagize ati: "Naje ngaha kugira mvuge kuvyashikiye umugwi wa Dynamo BBC muri .

Ego nivyo kahise karafise ico kadusigira, ariko igihambaye ni uko twokwisunga kuri kazoza.

Kuri mwebwe, ivyabaye sivyiza na mba ! Ariko, hari umwubahwa Aimรฉ Nkonyereza yagize uruhara runini kugira Basketball mu Burundi igabanirizwe ibihano.

Imisi yose, ukwo bukeye ukwo bwije, yama andondera kugira tuganire ku cerekeye Basketball mu Burundi kumwe n'umugwi wa Dynamo BBC.

Uyo mwubahwa mwumva arakunda urukino rwa Basketball, ni umurongozi w'Urunani BBC ariko arondera ineza ya bose muri rusangi adaciye ku ruhande ngo yiteho umugwi wiwe w'Urunani BBC asanzwe arongoye.

Mugenzi Aimรฉ Nkonyereza, ndagushimiye bimwe vy'imvamutima ku kugene witanga utiziganya kugira Basketball mu itere intambwe nongera ngushimira ku kugene utanga icizere kuri kazoza ka Basketball yo mu Burundi" ๐Ÿ‡ง๐Ÿ‡ฎ

๐Ÿ˜‡ Aha ga basomyi ntimwokwirengagiza ivyo murimwo mukamuha amashurwe yiwe Aimรฉ Nkonyereza ๐Ÿซด๐Ÿป

๐Ÿ“ธ : Febabu

ABARUNDI MURAHARARA BASHA NUKURI ๐Ÿ˜๐Ÿค”UBU RERO MWAMAZE KUMWIBAGIRA NKAHO UMENGO EJO NTIYARI MU KIBUGA ?๐Ÿ˜
12/06/2024

ABARUNDI MURAHARARA BASHA NUKURI ๐Ÿ˜๐Ÿค”

UBU RERO MWAMAZE KUMWIBAGIRA NKAHO UMENGO EJO NTIYARI MU KIBUGA ?๐Ÿ˜

12/06/2024

๐Ÿ‡ง๐Ÿ‡ฎโšฝ| Uburundi bwaraye butsinze igihugu ca Seychelles ibitsindo 3 kuri 1 inyuma y'inkino zitari zike butazi ukugene intsinzi isa...

โœ๐Ÿป Mu rukino rwariko rubera muri Maroc mw'ijoro ryakeye, Uburundi bwaraye bwihereranije amazinga ya Seychelles binatuma Uburundi butahukana amanota atatu.

๐Ÿ‘†๐Ÿป Ni muri za nkino zo kurondera uburenganzira bwo kuzokwitabira inkino z'igikombe c'isi ca 2026 kizobera mu bihugu bitatu, Canada Mexique na USA.

๐Ÿค” Uburundi mu gikombe c'isi biracashoboka ?

โœ๐Ÿป Gukura intsinzi imbere ya Seychelles, vyatumye Uburundi burara mu kibanza ca gatatu n'amanota 7, mu gihe igihugu ca Cรดte d'Ivoire kiza mu kibanza ca mbere n'amanota 10.

๐Ÿ“ Ku rutonde, ng'uku uko imigwi ikurikirana mw'itsinda rya F Uburundi burimwo:

๐Ÿ‡จ๐Ÿ‡ฎCรดtรฉ D'ivoire : amanota 10
๐Ÿ‡ฌ๐Ÿ‡ฆGabon : amanota 9
๐Ÿ‡ง๐Ÿ‡ฎBurundi : amanota 7
๐Ÿ‡ฐ๐Ÿ‡ชKenya : amanota 5
๐Ÿ‡ฌ๐Ÿ‡ฒGambia : amanota 3
๐Ÿ‡ธ๐Ÿ‡จSeychelles : amanota 0

๐Ÿ™Œ๐Ÿป Inkino zizogaruka mu mwaka w'2025 guhera mu kwezi kwa Ntwarante. Aho ni mu gihe kugira ushike mu nkino z'igikombe c'isi ca 2026, bizosaba kurangiza itsinda uri mu kibanza ca mbere.

โœ๏ธImigwi izoba iya kabiri hazotorwamwo ine yigenjeje neza, iyo bita "meilleurs perdants" izokina inkino z'amahirwe ya nyuma "barrages", uwuzokwigenza neza akazoca akina n'umugwi uvuye ku wundi mugabane

๐Ÿ‘€ Mubona gute kazoza k'umugwi nserukiragihugu Itamba mu rugamba ? Akira ๐ŸŽคugire ico ushikirije...

Address

Mutanga

Website

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when ELG on LINE posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Contact The Business

Send a message to ELG on LINE:

Share