07/02/2026
🚨🗣️ Hansi Flick imbere y’urukino rwa Majorque — Ivyiyumviro vyiwe ku bakinyi ba Barça 🔥⤵️
🔹 Kuri Lamine Yamal « Ndanezerewe cane ingene Yamal ariko aratera imbere. Ico gihambaye kuruta ibindi ni uko anezerewe ku kibuga. Turiko turamufasha gutera intambwe nshasha, kandi biribonekeza mu nkino ziwe: atsinda ibitsindo vyinshi kandi afise potential nini cane kurusha ivyo tubona ubu. »
🔹 Kuri Fermín López « Fermín akunda Barça, afise impano idasanzwe kandi aratanga umusaruro mwinshi. Ubu ariko akina ku rugero rwiwe rwiza cane. Ndanezerewe ku bwiwe no ku bwa club. La Masia irakora akazi keza cane. Ico gihambaye ni uko abamenyereza twizera izo mpano. »
🔹 Kuri Deco « Ndanezerewe cane gukorana na Deco. Dufise filozofiya imwe, turondera abakinyi bamwe, kandi araduha umwidegemvyo wo gukora akazi kacu. Sinari bwigere ngira amahoro nk’aya mu kazi. »
🔹 Kuri Araújo « Afise umubiri udasanzwe, aranyaruka cane, ni umwe mu bakapitene n’abarongoye abandi. Ariko ategerezwa gutera intambwe buhoro buhoro kugira yisunge filozofiya yacu y’urukino, si vyoroshe kuri we, ariko ariko aratera imbere. »
🔹 Kuri Lewandowski « Twaraganiriye kuri kazoza kiwe, ariko ntituri ku mpera z’igihe c’umwaka. Akunda gukina muri Barça kandi yipfuza iminota myinshi. Ico kizoba ku mpera z’igihe ntiturakimenya. »
🔹 Ku mwuka mwiza mu mugwi « Rimwe na rimwe banyita sogokuru (😂), ariko ico nizera naco ni uko iyo umwuka ari mwiza, akazi kagenda neza. Kubahana hagati y’umumenyereza n’abakinyi bituma batanga ivyiza kurusha. »
🔹 Kuri Frenkie de Jong « Yarakuze nk’uwurongoye w’abandi. Aranezerewe cane kuba i Barcelona, akunda club n’igisagara. Turamwitezeho vyinshi kandi arabyakira. »
🔹 Ku buryo umugwi uriko urakina « Ndanezerewe cane n’umupira turiko turakina. Turakeneye kwongereza ukwitonzi mu kurangiza inkino, ariko turi mu nzira nziza. »
🔹 Kuri Raphinha« Turarindiriye kuraba nimba azoshobora gukina muri Copa del Rey. Dutegerezwa kugenda buhoro buhoro. »
Barça iriko irubakwa neza
-------------------------------------------------------------------------------------
Tigira ukoresheje 1XBET canke 888Starz ukoresheje CODE PROMO 👉 DIDI32 ✅
🔽Ushaka ko ndagufasha kugurura compte ya 1XBET canke 888starz nokuronka application yayo nyandikira kuri WhatsApp 68829049