27/07/2026
🚨 BIRAMAZE KWEMEZWA | Karim Adeyemi yinjiye muri FC Barcelona! 🔵🔴
FC Barcelona yemeje ku mugaragaro ko yasinyishije Karim Adeyemi avuye muri Borussia Dortmund.
📌 Amakuru y'iyimuka:
💰 Amafaranga yatanzwe: 22 M€ + 7 M€ y'uduhimbazamusyi (bonus)
📝 Amasezerano azorangira muri Ruheshi 2031
📊 Ivyo yakoze ari muri Borussia Dortmund:
⚽ Imikino: 146
🥅 Ibitego: 36
🎯 Imipira yavuyemwo ibitego (assists): 22
⚡ Umukinnyi yihuta cane, ashobora gukina mu bibanza bitandukanye kandi afise ubuhinga bwinshi. Aje gukomeza umurongo w'imbere wa Barça mu mugambi wo gusubira kwubaka umugwi urongowe na Hansi Flick.
💬 Wibaza ko Karim Adeyemi azoshobora gutsinda no kwigaragaza muri FC Barcelona?
Shira iciyumviro cawe mu bitekerezo (comments). 👇
✍🏻✍🏻✍🏻