02/04/2023
Itariki ya mbere ya Ndamukiza, umusi wo kubesha: vyavuye he?
Kuri ino tariki, abantu barakunda gutebura cane n'abo basanzwe bayaga, babana, bakorana eka n'ibinyamakuru bimwe bimwe biratanga udukuru tutari utw'ukuri, ariko batagamije guhuvya ababakurikirana.
Muti none uwo muco wazananye he?
Havugwa vyinshi, gusa ico kumenya ni uko biva mu Buraya bwo mu burengero.
4 Hari abavuga ko vyavuye ku ngingo umwami w'abafaransa Karori w'icenda yafashe mu mwaka w'1564 yo guhindura ikirangamisi citiriwe Jules César (calendrier julien) agashinga ko abo atwara bakoresha ikirangamisi citiriwe papa Geregori (calendrier grégorien); papa Geregori w'13 yari ahejeje gutunganirizwa n'incabwenge zo ku ma kaminuza ya Salamanque (Espagne) na Coimbra (Portugal).
Bivuye kuri iyo ngingo, umwaka wahora utangura itariki 25 z'ukwa gatatu (ku musi mukuru w'iburwa muri Ekreziya Katorika, amezi icenda imbere ya Noweri) waciye utangura itariki imwe. Aho ni mu gihe abantu bahana utuganuke indwi yose gushika itariki imwe y'ukwa kane.
Hari abatashimye iyo ngingo, baca baza baratebura hagati yabo, baguma bahana utuganuke, akenshi tw'ugufyina, bigira nk'abatamenye iyo ngingo.
lyo tariki kandi, mu bihugu bihurira ku mico imwe imwe n'Abafaransa, bawita "poisson d'avril". Hari abavuga ko mu kwezi kwa Ndamukiza vyari bibujijwe kuroba, kuko ari igihe amafi arondokeramwo. Baca baza baraha abantu ibishusho vy'amafi, basa n'abagomba kubaremesha muri ico gihe ata waronka akaboga. Hakaba hari rero abashira inkomoko y'umusi twita "uwo kubesha" mu Burundi.
Mu bihugu vyatoranye imico y'Abongereza nabo, bawuhimbaza witwa "April's Fool Day",
lyo tariki kandi, mu bihugu bihurira ku mico imwe imwe n'Abafaransa, bawita "poisson d'avril". Hari abavuga ko mu kwezi kwa Ndamukiza vyari bibujijwe kuroba, kuko ari igihe amafi arondokeramwo. Baca baza baraha abantu ibishusho vy'amafi, basa n'abagomba kubaremesha muri ico gihe ata waronka akaboga. Hakaba hari rero abashira inkomoko y'umusi twita "uwo kubesha" mu Burundi.
Mu bihugu vyatoranye imico y'Abongereza nabo, bawuhimbaza witwa "April's Fool Day", muri Écosse ho bamara imisi ibiri batebura cane
Abatoranye imico y'aba nya Espagne nabo, canecane ibihugu vyo muri America y'epfo, bakaba bawuhimbaza itariki ya 28 Kigarama
Hari izindi nkomoko z'uwo musi nawe woba u*i wodusangiza (utatubeshe)? Hari umuntu yakubeshe kuri iyi tariki utazopfa wibagiye?
Tubwiree muri commentaire